Select Page

Imfashanyo Iruhurira Umuryango

WUMVA UBUTUNZI BW’AMAFARANGA BWARAHUNGABANYE KUBERA IKIZA CA KORONA ?

Umugwi wacu ukorera kumurongo wa telephone ufasha abakozweko na korona no gutanga ingurane idasaba inyungu urashobora kugufasha gusubira kubaho mubuzima bwiza.

IMFASHANYO IRUHURIRA UMURYANGO NI IKI ?

Imfashanyo Iruhurira Umuryango itangwa k’ubuntu,kubugenzi,imfashanyo mw’ibanga iraboneka kubenegihugu b’abanya Australia ubutunzi bw’amafaranga bwabo bwahungabanishijwe na korona,muburyo ubwo aribwo bwose,kuva itariki ya 1 Ruhuhuma 2020.

  Amafaranga uhembwa canke uwomwubakanye ahembwa yoba yaragabanutse (kubera gutakaza akazi,amasaha wahora ukora yaragabanutse,amategeko ya guma murugo,kurindira ibisubizo vy’ibipimo vyo kwamuganga,gukwirikirana ababonanye n’abanduye canke indwara)?

  Amafaranga ukoresha yoba yariyongeye kubera korona?

  Amafaranga uwo mwubakanye yahora abona yaragabanutse bica bigira ingaruka mbi kumuryango?

Turashobora kugufasha kuronka imfashanyo y’amafaranga ugasubira mubuzima bwiza.

NDEMEREWE KUBONA IMFASHANYO?

Uremerewe kubona Imfashanyo Iruhurira Umuryango mugihe ubutunzi bw’umuryango wawe bwoba bwaragabanutse kubera korona,muburyo ubwo aribwo bwose,kuva itariki ya 1 Ruhuhuma 2020 kandi ukaba:

  Ufise imyaka 16 y’amavuko canke irenga

  Ufise ubwenegihugu bwa Australi,ufise uruhusha rwo kuba burundu muri Australia,canke ufise uruhusha rwokuba muri Australia ruzorangira warahejeje kwishura ingurane

  Uhembwa umushahara uri musi y’amadolari 60.000 utarariha ikori mugihe utararongora ,canke musi y’amadolari 100.000 ku bubakanye canke abafise abo batunze

“Amafaranga wabona yaragabanutse kubera korona” bitewe nogutakaza akazi,amasaha wakora yaragabanutse,mukurindira ko Centrelink iguha amafaranga (n’ubwo vyoba ari ivy’imfatakibanza),ubushobozi buke bwogukora canke gutakaza umushahara wahora uronka kubera amategeko ya guma murugo,mukurindira inyishu y’ibipimo vya korona,gukwirikirana ababonanye n’abanduye canke indwara ya korona,gukoresha amafaranga arenze ayo wahora ukoresha kubera korona, canke nk’akarorero gutakaza amafaranga yinjira mumuryango kubera uwo mwari mwubakanye amafaranga yagabanutse yahora atanga ayo kurera abana.

TWOGUFASHA GUTE ?

Umurongo wa telephone uhamagarwa n’abagize ubukene kubera Korona

Turashobora kugufasha kumenya imfashanyo y’amafaranga ushobora gusaba ayo nayo ni nk’amafaranga atishurwa baguha ukoresha mukurangura umugambi werekanye,gusuzuma uburyo ukoresha amafaranga murugo,kugufasha kugira woroherwe kuriha bitakuvunye,kukurungika kubahanuzi muvy’ubutunzi bw’amafaranga bacu baguhanura kubuntu bagusanze muhira n’ayandi mashirahamwe yogufasha mugihe uri muvyago.

Duhamagare ku murongo wa telephone uhamagarwa n’abagize ubukene kubera korona
kuva isaha zitatu z’agatondo gushika isaha imwe y’ijoro AEST, kuva kumusi wambere gushika kumusi wa gatanu.

1300 121 130

Ingurane Idasaba Inyungu Iruhurira Umuryango

Mugihe wewe canke umo mwubakanye mushobora kwerekana ko mushobora kwishura ingurane itavunanye.

Turashobora kugufasha kumenya no gusaba Ingurane Idasaba Inyungu Iruhurira Umuryango igera kumadolari 3.000 kugirango wongere kubaho neza nkuko wahora – kandi tuzokubwira ayandi mashirahamwe afasha hamwe nizindi mfashanyo ushobora kuba wemerewe kwitura ngo agufashe.

INGURANE IDASABA INYUNGU IRUHURIRA UMURYANGO

Mugihe wewe canke uwo mwubakanye mushobora kuriha ingurane bitabavunye,Ingurane Idasaba Inyungu Iruhurira Umuryango irashobora kugufasha mu:

    Amazi,umuyagankuba na gaze

    Ubwishingizi canke kuriha amafaranga yogukota inzu(ubicishije mw’ishirahamwe ryemewe n’amategeko yogukotesha amazu*)

    Amakori y’ubutaka kumanzu

    Intererano kumashirahamwe yemewe n’amategeko

Amafaranga ava mukigega ca Leta ya Australia,iyi ngurane idasaba inyungu igera kumadolari 3.000 nukuvuga yuko uriha ayo bakuguranye gusa,ukazoyariha kugeza kumezi 24.Bifise akamaro kubanza kwiyumvira kwaka iyi ngurane itanga amahoro imbere y’uko wokwiyumvira gusaba ingurane muri “payday loan” canke mubundi buryo bwokwakamwo ingurane buzimvye

Mugihe woba wasubiye kukazi kandi ukaba woshobora kuriha ingurane bitakuvunye,Ingurane Idasaba Inyungu Iruhurira Umuryango irashobora kugufasha gusubira kubaho mubuzima bwiza.

Icitonderwa:Ingurane si izo kwakira cashi

URACAFISE IBIBAZO WIFUZA KUBAZA?

Raba ahanditse ibibazo dukunzwe kubazwa.

Duhamagare k’umurongo wa telephone wa 1300 121 130 uhamagarwa n’abagize ubukene bivuye kuri korona

Twama twiteguye kukwakira mugihe uduhamagaye kuva isaha zitatu z’agatondo gushika isaha imwe y’ijoro AEST kuva kumusi wambere gushika kumusi wa gatanu.

© Good Shepherd Australia New Zealand

Good Shepherd Australia New Zealand Website | Privacy Policy |  

We acknowledge Aboriginal and Torres Strait Islander
people as the traditional custodians of this land and pay
our respects to their history, their living culture and to
Elders past and present.